Reta y’Uburundi yasavye ko ibihugu vyabukolonije gutanga indishi y’akababaro ku gihugu c’Uburundi kubera imyaka vyamaze bikoloniza Uburundi.
Reta y’Uburundi itunga urutoki ibihugu vy’Ububiligi n’Ubudagi ko bitegerezwa gutanga indishi y’akabararo ya miliyaridi 43 z’amadolari ku gihugu c’Uburundi bwa nshumbusho.

Ayo mafaranga agiye mu mafaranga y’Amarundi ni amafaranga menshi cane ku buryo angana hafi 100 000 000 000 000 FBU.
Ayo mahera Uburundi bushobora kuyakoresha imyaka irenga 60 igihugu c’Uburundi kitariko gisaba imfashanyo mpuzamakungu canke ngo OBR itoze amakori mu banyagihugu.
Iyo ngingo y’igihugu c’Uburundi ikaba ije inyuma yaho igihugu ca Kongo naco gisabiye ko igihugiu c’Ububikigi cotanga indishi y’umubabaro kubera imyaka cakolonije igihugu ca Kongo.
Ibihugu vy’Ububiligi biramaze gushirajhao inzego zo gutohoza ku mabi yakozwe mu myaka y’Ubukoloni ku bihugu vy’Uburundi na Kongo.
Bikaba bivugwa ako ujwami w’Ububiligi, Leopold, yakoze ihonyabwoko mu kwica abakongomani barenga umuliyoni umwe igihe yaganza ari umwami wa Kongo.





Recent Comments