Nkuko umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, yari yituye iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko umurwi CENI ivyo washikirije bidahuye nivyatangajwe mutuzu tw’amatora. Iyo sentare yarifise imisi umunani kugira ivuge aho ihagaze.
Kur’uyu wa kane rero iyo sentare ikaba yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washize imbere Evariste Ndayishimiye mu matora y’umukuru w’igihugu ariwo watsinze ayo matora kubice 68% hagakurikira Agathon Rwasa yaronse ibice 24,42% uwagatatu akaba Gatson Sindimwo yaserukiye umugambwe UPRONA yaronse 2,46%.
Abajejwe umutekano bakaba bari benshi ku nzu ikoreramwo iyo sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro bambaye ibigwanisho bikomeye vyo kwikingira imigumuko. Abari ngaho bakibaza ko abo bajejwe umutekano bari bafise amakuru ko hashobora kwaduka imyiyerekano kuko iyo ngingo ya senatre ica iba ntabanduka.
Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba ubwambere mu myiyamaamzo yavuga ko batazokwemera ko bibwa amajwi ariko munyuma akaba yagiye arahesha avuga ko azokwitwara muri sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro. Bamwe mu banywanyi biwe bakaba bari bashigikiye imyiyerekano abandi bakaba batayerekwa cane cane abazoronka intebe mu nama nshingamateka no munama nshikiranganji.
Amakungu nayo n’ishengero catholika naho vyabona ko hari agahaze murayo matora basaba ko hatoba imyiyerekano kuko isi ihanzwe n’ikindi kibazo c’ingwara ya coronavirus hamwe n’impunzi z’abarundi zitarahunguka.





Recent Comments