UBM News ads

Inama ya ONU ku Burundi yitezwe ku musi wa kane

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inama ya ONU ku Burundi iritezwe ejo ku musi wa kane aho hazokwihwezwa ibitari bike bijanye na cane cane amatora aheruka kuba mu Burundi.

Inama ya ONU ku Burundi yama yabaye ariko leta y’i Gitega irakunze kenshi kwanka ivyavuye mui izo nama kubera ivuga ko vyama biza gucafuza leta y’Uburundi.

Bikaba vyitezwe ko igihugu c’Ubufaransa arico kizihagararira iyo nama ya ONU ku Burundi.

Naho igihugu c’Ubufaransa ubu gisa nicegeranye gato na leta y’i Gitega, iyo hageze mu nama ya ONU birahinduka gato aho Ubufaransa bukibandanya kuvuga ko mu Burundi hari ibitagenda neza na cane cane mu bijanye n’umutekano hamwe n’agateka ka zina muntu.

Uwuserikira Uburundi muri ONU, Albert Shingiro akaba yama amenyesha asaba ko Uburundi bwova ku rutonde rw’ibihugu biganirwako na ONU.

Iyo nama ya ONU ku Burundi ikaba ihuye n’umusi Sentare yubariza ibwirizwa shingiro izotangaza ivyavuye mu matora y’umukuru wi’igihugu bizoba ari ntabanduka ku bijanye nuwatsinze amatora y’umukuru w’igihugu kuva ku wa 26 Myandagaro 2020.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments