Uko gusaba imbabazi kw’ibonekeje kur’uyu wa gatandatu aho abapolisi bo muri Let aya Miami bafukama imbere y’abanyagihugu bariko baragira imyiyerekano biyamiriza urupfu rwababaje abantu benshi kw’isi rw’umwirabure w’umunyamerika azwi kw’izina rya George Floyd yaba muri Leta ya Minneapolis.

Uwu mwirabure akaba yahagaritswe haraciye imisi itanu n’umupolisi w’umuzungu w’umunyamerika yitwa Derek Chauvin aca amufukama kw’izosi. Uwo mwirabura kubera yaraboshe amaboko aryamye hasi ntiyashoboye kwikurayo ariko yaguma akoma induru ati biranse ko mpema.
Abariko barabibona baragerageje kubuza uwo muzungu w’umupolisi ariko vyabaye impfagusa kuko bagenzi b’uwo mupolisi b’abazungu babapolisi baranse kw’abantu batabara. Abo bariko barabibona baciye bafata amasanamu baca bayakwiza isi yose. Uyo mupolisi w’umuzungu akaba yavuye kur’uyo mw’irabure amaze guta ubwenge akaba yagiye gupfira mu modoka ya ruseha abaniha yari ije kumutwara kwa muganga.
Ibisagara vyinshi vya Leta zunze ubumwe bwa Amerika bikaba biri mu myiyerekano vyiyamiriza ubwo bwicanyi bw’uyo mupolisi. Uyo mupolisi yabanje gukurwa mu kazi hamwe na bagenzi be ariko abanyagihugu bavuze ko ivyo bidakwiye akwiye guhagarikwa agacibwa urubanza, ivyaciye bikorwa ubwo nyene. Ishavu ry’amanyamerika babirabure n’abazungu rikaba ritarahera nubu imyiyerekano ikaba ibandanya naho hari ikiza c’ingwara corona virus kibangamiye ico gihugu kimaze kwica abanyamerika barenga 100.000.





Recent Comments