OLUCOME ibona ko leta ‘iriko ikwega amaguru’ mu kurwanya COVID-19

0

Ishirahamwe ryitaho kurwanya ibiturire hamwe no gusesagura ubutunzi bw’igihugu mu Burundi, OLUCOME, ribona ko leta y’Uburundi iriko ikwega amaguru mu kurwanya ikiza ca Coronavirus.

Mw’itangazo OLUCOME yasohoye ejo haravugwa ko abategetsi ba leta y’Uburundi bariko bigira sindabinezwe mu bijanye no kurwanya COVID-19.

OLUCOME ikanavuga ko kandi abanyagihugu batagikurikiza amategetko y’isuku nk’uko vyahora mu misi yatanguriye ikiza ca Coronavirus.

OLUCOME ikavuga ko Leta yokura amaboko mu mpuzu mu kwerekana ko iriko ikora cane mu guhimiriza abanyagihugu hamwe no kwitaho abayirwaye.

OLUCOME kandi iranegura ingendo yabapolisi hamwe n’abategsi bamwe bamwe badahimiriza abanyagihugu kwirinda Coronavirus hamwe no gushira mu majambo yabo ico kiza.

Mwomenenya ko kenshi abategsi bo hejuru b’igihugu nubu babandanya bavuga ko ‘Uburundi bigikingiwe n’Imana’ kubera ko abarwayi ‘atari benshi cane’ ugereranije n’ibindi bihugu bisinzikaye.

Ubu gushika ubu mu Burundi hamaze kuboneka abantu bashika ku 63 bamaze kwandura umugera wa COVID-19.