UBM News ads

CENI ivuga ko ivyo yashize ahabona vyari ‘brouillon’, ivy’ukuri bitaraja ahabona

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu c’Uburundi ariwo CENI wamenyesheje mu ndwi turangije ko mu vyo washize ahabona mu vyavuye mu matora ku wa 25 Rusama 2020 vyari ‘ivyimfatakibanza’ canke ‘brouillon’ mu gifaransa.

Inyuma y’uko umukuru wa CENI avuze ko batangaje ivyari ‘brouillon’ ku wa 25 Rusama 2020, Pierre Claver Kazihise yaciye yihutira gufuta ivyo yari yashize ku rubuga rwa Internet rwa CENI.

Pierre Claver Kazihise yasiguye ko mu vyashizwe ahabona bitari bikwiye cane ku buryo yaciye abifuta.

Kazihise yaciye amenyshe ko vuba hagiye gusohoka ibitigiri vyizewe kurusha ‘ bizoba kumbure ari vyiza kandi vy’ukuri’.

Gushika iyi saha rero,ntiharamenyekana uwatsinze amatora nk’uko CENI ibivuga kubera hatarasohoka ibitigiri nyavyo vyavuye mu matora.

Mwomenya ko umugambwe CNL urongowe na Rwasa Agathon nawo wamaze kwitwara muri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro avuga ko habaye ubusuma mu matora yo kuwa 20 Rusama 2020.

Mu gihe muri Sentare vyokwanka, Rwasa Agathon avuga ko azoca yitura Sentare ya EAC kugira imutunganirize.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments