Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, yaraye arekuriye abungunguruza abantu ku ma moto, tuk tuk na taxi vélo kurengana ibiriraro vyinjira mu gisagara ca Bujumbura.Iyo nkuru ikaba yamenyeshejwe na Charles Ntirampeba, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ATRABU rihurikiriyemwo abo batwara ivyo vyuma.

Iyo ngingo yo kubuza abo batwara ivyo vyuma ikaba yari yafashwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura mu mwaka wa 2015 aho abo banyene ivyo vyuma bagirizwa guhungabanya umutekano hakoreshejwe za grenade.
Ariko abo batwara ivyo vyuma bakaba basabwa kubahiriza amasaha y’akazi amasaha 18 kubatwara moto na taxi-velo hamwe n’amasaha 21 kubatwara tuk tuk. Kandi ntibemerewe kwinjira hagati mu gisagara, iyo ngingo ikaba yerekeye amazones yegereye igisagara ca Bujumbura, nkuko Charles Ntirampeba abivuga.
Benshi rero bakabona ko iyo ngingo ijanye n’amatora yimirije m’Uburundi aho abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD bavuga ko nibabatora bazoca bugurura imihora kurabo banyagihugu bunguruza abantu bakoreshwe kenshi mu myiyamamazo.





Recent Comments