Ivyo nibimenyeshwa n’umuvugizi w’umugambwe CNL, Aime magera, aba mu mahanga kumvo z’umutekano. Aimé Magera amenyesha ko Agathon Rwasa, umukuru w’uwo mugambwe CNL usa n’uwufise abanywanyi benshi, itariki 20 rusama 2020 azoca acungwa cane kugira ntavuge ko amatora yibwe canke ngo abanywanyi biwe baze kumwicungira.

Murico gihe rero nkuko bivugwa na Aimé Magera, umukuru wa CENI, umurwi ujejwe gutunganya amatora, Pierre Claver Kazihise ngwazoca atangaza ivyavuye mu matora.
Aimé Magera arasaba inzego z’umutekano kuguma ataho zegamiye, abanyagihugu n’abanywanyi b’umugambwe CNL kuguma barikanuye.
Abakurikirana hafi amatora y’Uburundi barabandanya gusaba ko ayo matora yohera neza mu mahoro n’umutekano.






Recent Comments