UBM News ads

Paul Kagame yagiriza Uburundi kurungika abasirikare muri Kongo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igihugu c’Urwanda cagiriza igihugu c’Uburundi kurungika abasirikare muri Kongo.

Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame nk’uko yasubiwemwo n’ibinyamakuru vyo mu gihugu c’Urwanda.

Paul Kagame akaba yabivuze mu gihe yariko abeshuza ivyo yise ‘ibinyoma’ bikwiragizwa n’ ‘abahinga’ bavuga ko igihugu c’Urwanda kirungika abasirikare baco mu buseruko bwa Kongo kurwanya abashaka kumutembagaza.

Paul Kagame asubirwamwo na The Chronicles yo mu Rwanda ati: “Nta musirikare n’umwe wo mu Rwanda wa RDF ari muri Kongo…gusa dufise amakuru avuga ko hariyo abasirikare bavuye mu Burundi bajayo”, niko Paul Kagame avuga.

Paul Kagame kandi ivyo abivuze mu kubeshuza amakuru ashirwa ahabona n’intara ya Sud Kivu ivuga ko abasirikare baba abava mu bihugu vy’Urwanda n’Uburundi babandanya bisukira mu buseruko bwa Kongo.

Naho leta y’Urwanda yahakanye ivyo Sud Kivu ivuga, leta y’Uburundi ntaco iravuga kuri ivy vyagirizi vyo kurungika abasirikare mu gihugu ca kongo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments