UBM News ads

Umugambwe CDP wahisemwo gushigikira Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kur’uyu wa mbere umugambwe CDP wari wuguruye imyiyamamazo igana amatora azoba itariki 20 za Rusama. Uwo mugambwe ukaba wemerwe gusa gusa kwitoza ku rwego rw’abashingamateka n’abajenama ba komine mur’aya matora yimirije. Umukuru w’uyo mugambwe, Anicet Niyonkuru, akaba yahuye n’abanywanyi biwe muri zone Ngagara muri mairie ya Bujumbura mukibanza bise Ozone Diplomatique.

 Anicet Niyonkuru akaba yaciye yerekana abitoza mu kibanza c’abashingamateka mu ntara ya mairie ya Bujumbura no mu ntara ya Bururi aho bemerewe na CENI kwitoza gusa baravye abakwijije ibisabwa n’amategeko. Abo bashingamateka na Anicet Niyonkuru bakaba baratanze imigambi yabo ishimikiye cane mugusanura amabarabara, ubwigenge bw’ubutungane, kurwanya amazi y’imyuzurira, gukomeza umutekano no kwongereza amasaha yo gukora kubakoresha amataxi moto na tuk tuk. Anicet Niyonkuru akaba yasubiye gusigura ico yise ingunga ya kane ariyo ishimikiye kuterambere havuye ku kwikukira, intwaro rusangi hamwe n’icangwa ry’igisoda ryazanye umutekano kuri bose.

Munyuma yaho Anicet Niyonkuru yasavye ko mukibanza c’umukuru w’igihugu abanywani biwe botora General Evariste Ndayishimiye, umukandida w’umugambwe CNDD-FDD. Anicet Niyonkuru asigura ko Evariste Ndayishimiye yubahirije amasezerano mugihe abanywanyi b’umugambwe CDP bashaka gutaha inyuma y’’imyiyerekano yabaye mu mwaka wa 2015. Anicet Niyonkuru akavuga ko atamu nywanyi wiwe arakomwakomwa ngo nuko ari mu mugambwe CDP. Ikindi Anicet Niyonkuru avuga nuko Evariste Ndayishimiye yamusavye ko boja hamwe mu gutsinda amatora yo mu 2020. Ariko Anicet Niyonkuru akavuga ko azobandanya ahanura Leta kubijanye n’ubuzima bw’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments