UBM News ads

Rwasa na ‘Samuragwa’ batanguye imyiyamamazo naho hari akaga ka COVID-19

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2020, umukandida wa CNL, Rwasa Agathon hamwe n’umukandida wa CNDD-FDD batazira ‘Samuragwa’, Evariste Ndayishimiye, batanguye imyiyamamazo naho hari akaga ka COVID-19 mu gihugu c’Uburundi.

Umukandida wa CNL , Rwasa Agathon, yatanguriye imyiyamazo mu ntara avukamwo ya Ngozi mu buraruko bw’Uburundi.

Evariste Ndayishimiye batazira Neva canke ‘Samuragwa’ nawe yatanguriye imyayamazo mu ntara avukamwo ya Gitega mu gihugu hagati.

Abakandida bashika ku ndwi nibo batanguye guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu, ariko abahabwa amahirwe cane akaba ari Rwasa na ‘Samuragwa’.

Naho hari ikiza ca Coronavirus, abategetsi b’Uburundi bigaragara ko babandanya bavuga ko ‘vyifashe neza’ kandi ko ari ‘ubuntu bw’Imana‘ kubona Uburundi butarasinzikra cane nk’ibindi bihugu mw’isi.

Ku makuru ashirwa ahabona, bivugwa ko Inyankamugayo za CNL zavuye mu ntara z’Ubumanuko zankiwe kurengana i Gitega kugira zije kwifatanya na ‘Shebuja’ wabo ari i Ngozi bitumwe n’igipolisi muri iyo ntara ya Gitega.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments