UBM News ads

Uburundi bugira ubwa 160 m’ubihugu 180 mubujanye n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

M’urutonde rwasohowe n’ishiharamwe mpuzamkungu Reporters Sans Frontieres rijejwe guharanira ubwigenge bw’abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru, Uburundi bwaje mu kibanza ca 160 mu bihugu 180 vyo kw’isi yose. Mu mwaka uheze wa 2019, Uburundi bwagiye mu kibanza ca 159, bukaba bwataye ikibanza kimwe mur’uyu mwaka wa 2020 mu vyerekeye ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.

Ishirahamwe RSF mu guha ico kibanza Uburundi rishimikira kwiyugarwa ry’amaradiyo mu myiyerekano yabaye mu 2015 aho gushika nubu atarugururwa hamwe n’ihunga ry’abamenyeshamakuru. RSF ikavuga ko mu majambo y’abategetsi hibonekeza gufata nk’abansi amaradiyo yigenga ayo nayo abamenyeshamakuru bayo maradiyo bakaba bakunda kugira ingorane iyo bagiye kurubuga kurondera amakuru mbere hakaba hari n’abafunzwe. Ibimenyeshamakuru kandi bikaba bitemerewe kuzovuga ivyavuye mu matora yimirije yo mu 2020 Rusama mu gihe urwego CENI rujejwe gutegura amatora rutarabivuga.

Mwomenya ko ikigo CNC kijejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora m’Uburundi cahagaritse ibimenyeshamakuru bitanu arivyo Ntumbero FM, Mziki FM, Ijwi ry imbabazi, SN News, na Voix du développement. Vyinshi mur’ivyo bikaba bitashoboye gukora mu gihe vyari vyamenyesheje, impamvu kenshi akaba ari kubura uburyo bwo gukora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments