UBM News ads

COVID-19: Abanduye umugera wa Coronavirus barenga imilioni 2 mw’isi yose

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gushika ejo ku musi wa mbere igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2020, abantu bari bamaze kwandura umugera wa Coronavirus barenga imilioni 2 mw’isi yose.

Ibihugu bibangamiwe cane n’ibihugu bitunze cane kw’isi aho nka Leta Zunze Ubumwe za Amerika ari igihugu kiza imbere ya vyose kw’isi mu kugira abapfuye benshi bishwe na COVID-19: abarenga 22 000 bamze gupfa muri USA.

Ibindi bihugu nka Espagne, Ubufaransa, Ubutaliyano, Ubwongereza birangamiwe cane hamwe n’igihugu ca Irani naco nyene cabangamiwe cane mu bihugu vya mbere.

Gushika iyi saha nuyu musi, nta muti canke urukingo biraboneka vyo kurwanya uwo mugera wa Corona.

Biravugwa cane ko nko mu mezi nk’atatau ari imbere bazoshira ahabona urucanco maze abantu babone gutora agahengwe.

Mu gihugu c’Ubushinwa uwo mugera wazananye naho hasubiye kwibonekeza abandi bantu bafise uwo mugera naho mu gisagara ca Wuhan bari batezurwe bava mu kwiyugarana muri ico gisagara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments