UBM News ads

Leta y’Uburundi yuguruye inzira ku ma kamyo azana ibidandazwa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’Uburundi yuguruye inzira ku ma kamyo azana ibidandazwa aciye mu bihugu vya Kongo n’Urwanda.

Ivyo bikaba bibabye inyuma y’aho leta y’i Gitega ifashe ingingo yo kwugara imipaka ku makamyo ava mu gihugu c’Urwanda kubera ikiza ca Coronavirus.

“Ubu imipaka n’Uburundi n’ibindi bihugu iruguruye hose naho hakiri ingeramizi ya COVID-19”, niko leta y’Uburundi yamenyesheje.

Hari haheze hafi amayinga kuva ku wa 30 Ntwarante 2020 leta y’Uburundi yugaye imipaka ku makamyo azana ibidandazwa mu gihugu c’Uburundi avuye EAC aca mu gihugu c’Urwanda.

Igihugu c’Urwanda kikaba cari caritwariye igihugu c’Uburundi mu kwiyamiriza iyo ngingo yaza ifatira abatwara ayo makamyo binjira mu Burundi.

Abatwara ayo makamyo nabo bakaba bari bamaze gutangura gushikirwa ningaruka ziyo ngingo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments