Ivyo vyatanguye igihe abirabure batari bake baturuka mu gihugu ca Nigeria batorwako ingwara coronavirus. Iyo ngwara ikaba yatanguye kuvurwa murico gihugu nyene c’Ubuchinwa mu gisagara ca Wuhan. Ikaba yaciye ikwira isi nubu ikaba iriko iratikiza inganda, Ubuchinwa bukaba bwaragerageje kuyigwanya ikaba yariko irahera, nihu kuza kandi bayitora kurabo birabure mur’iyi ndwi itanguye.


Abirabure baba murico gisagara bava mu bihugu bitandukanye bakaba barafashwe nabi barasohorwa mu mazu yabo barakwa n’impapuro z’inzira, abo bachinwa bakababwira ko bashobora kubirukana bose no kubapima bose kunguvu.
Ivyo bikaba vyateye ishavu ibihugu vyo muri Afrika bitari bike aho vyaciye vyandikira abaserukira ubuchinwa muri vyo bihugu babasaba kwisigura kuriyo nyifato. Igihugu ca Afrika Yepfo kikabona ko iyo nyifato ihushanye n’imigenderanire myiza yari hagati y’Ubuchinwa n’ibihugu vy’Afrika kuva Ubuchinwa burwanya ubukoroni muri Afrika hamwe n’ishingwa ryo gufashanya hagati ya Afrika n’Ubuchinwa.
Ivyo rero bikaba vyatumye abenegihugu b’ibihugu vya Afrika bataraba ryiza abachinwa bagiye gukorera mur’ivyo bihugu mbere n’umutekano wabo ugashobora guhungabana nkuko tuvyumva mu gihugu ca Kenya ariko Leta y’Ubuchinwa ikaba yasutsemwo amazi mabisi mukumenyesha ko igiye gufata neza abirababure bari muri ico gisagara ca Guanzou.





Recent Comments