UBM News ads

Ishirahamwe ry’Abamenyeshamakuru(UBJ) rirajwe ishinga n’ibitero bikorwa ku bamenyeshamakuru

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe ry’Abamenyeshamakuru mu Burundi(UBJ) rirajwe ishinga n’ibitero bikorwa ku bamenyeshamakuru muri iyi misi himirihje amatora yo muri uyu mwaka.

Mu rwandiko Union Burundiaise des Journalistes, UBJ, ishira ahabona haravugwamwo ukuntu Imbonerakure zahohoteye umunyamakuru wa Radio Isanganiro hamwe n’umushoferi wabo.

Izo mbonerakure, nk’uko UBJ ibivuga, zahohoteye abo banyamakuru ba isanganiro bari bagiye gutohoza ku bijanye n’ihohoterwa ry’umukuru wa CNL mu gace kanaka mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

UBJ ikaba isaba ko abamenyeshamakuru bokwubahirizwa mu bikorwa vyabo na cane cane ko batuma abanyagihugu bose bamenya ibibera mu gihugu c’Uburundi.

Mu mpera z’indwi turangije naho, umushikiranganji w’amagara y’Abandtu akaba yarankiye amaradiyo yigenda n’ibinyamakuru vyigenga gukurikira itangazo aho yashira ahabona abandi barwayi babiri banduye umugera wa COVID-19 mu gihugu c’Uburundi.

Raba hano ivyo UBJ ishira ahabona:

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments