Amakuru menshi yarakwiragijwe ku mbuga ngurukana bumenyi kur’uyu w’Imana ko hari umugwayi umwe m’Uburundi yahitanwe na cakiza coronavirus kibangamiye isi. Uwo nawe akaba mw’itangazo ry’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, muganga Thaddée Ndikumana, akaba yamenyesheje ko agwariye mu bitaro Kira Hospital.

Ariko gushika ubu yaba umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA yaba uwurongoye uwurongoye ibitaro Kira Hospital ntanumwe aremeza canke ngo ahakane iya makuru. Abanyamakuru bakorera amaradiyo yo hanze nka RFI canke abadaharanira inyungu za politike bahungiye hanze y’igihugu bobo bakaba bamaze kwemeza iyo nkuru.
Ico bikora gushika kur’uyu wa mbere itariki 13 ndamukiza ntawuramenya inkuru y’imvaho mugihe bamwe babona ko iyo ngwara ibangamiye isi mbere igahagarika n’imirimo nka yose yamaze gufata intumbero ya politike mu gihe Uburundi bwimirije ibihe bikomeye vy’amatora y’Umukuru w’igihugu, hakaba hasigaye ukwezi kumwe gusa ngo ayo matora atangure.





Recent Comments