Umugwi wa ONU utohoza ku Burundi usaba leta ‘gukorera mu muco’ mu kurwanya COVID-19 canke Umugera wa Coronavirus wiganje cane mw’isi.
Umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi ukaba washize ahabona itangazo usaba leta y’Uburundi gukorana n’inzego mpuzamakungu na cane cane mu ‘gukorera mu muco, kwubahiriza amategeko mpuzamakungu hamwe no gufasha abanyagihugu’ kugira ngo habe ukurwanya uwo mugera.

Umuwgi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi ugizwe na Doudou Diene, asanzwe yiyamirizwa muri leta y’Uburundi, avuga ko naho hakiri abantu batatu bafise umugera wa Coronavirus mu gihugu c’Uburundi, ata woca avuga ko ibintu ari sawa.
Uwo mugwi ukavuga kandi ko wamennye ko amashirahamwe afasha abantu yankiwe na leta y’Uburundi gushika ahari abari basizwe ukwabo(quarantaine) kugira babashe kubafasha.
Gushika ubu, uwo mugera uramaze kwica abashika 100 000 mw’isi yose, maze abashika 1 500 000 bakaba bamaze kwandura uwo mugera wa Coronavirus mw’isi yose.





Recent Comments