UBM News ads

Abantu bashika 3000 baramaze gupimwa ingwara ya coronavirus m’Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mw’itangazo umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, Dr Thaddée Ndikumana, yasohoye kur’uyu wa gatatu, yamenyesheje ko abantu bashika 34 bapimwe umugera wa coronavirus ariko basanze atawo bafise. Abo nabo bapimwe kuko babonanye nabamwe batatu bamaze gutorwako uwo mugera wa coronavirus, ubu bakaba bariko baravurigwa mu bitaro Clinique Prince Louis Rwagasore.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, muganga Thaddée Ndikumana, amenyesha ko abo batatu bagwaye umugera wa coronavirus bameze neza ko atabushuhe bafise ko badakorora kandi ko bafungura neza. Aramenyesha kandi ko basubuye barabapima basanga koko iyo ngwara baracayifise.

Muganga Thaddée Ndikumana avuga ko abantu barengana ku mipaka Uburundi buhana n’ibihugu bibanyi bashika 2936 bajanwe ahiyugaranye bimwe bita quarantaine bakahamara imisi ishika 14 ko abashika 2261 bamaze gukwiza iyo misi bakaba basanze atabimenyetso bafise vyiyo ngwara, abantu 675 nibo basigaye bariko barapimwa mu mazu yugaranwe.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu arabeshuza inkuru zica ku mbuga ngurukana bumenyi buvuga ko igihugu c’Ubushinwa cazanye urucanco rwo gutera abarundi, muganga Thaddée Ndikumana akavuga ko ari ibikoresho vyo kwa muganga vyatanzwe n’igihugu c’ubushinwa kugira bisahirize ibitaro Prince Régent Charles. Muganga Thaddée Ndikumana akamenyesha ko Uburundi butazokwemera ko buba ikibuga co kugeragezamwo urucanco.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA arasaba abarundi kubandanya imirimo yabo no kubandanya gukurikiza amabwirizwa y’isuku nayo kwirinda uyo mugera wa coronavirus ariyo gukaraba kenshi gashoboka, kureka kuramukanya, gukingira amazuru n’umunwa mugihe uriko urasamura canke ukoroye ukoresheje inkokora no kutegerana cane.

 

 

 

 

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments