UBM News ads

Umukandida Domitien Ndayizeye nawe avuga kwazokwitura sentare

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwo yahoze arongoye Uburundi mu myaka ya 2003-2005 yari yatanzwe n’urunani Kira-Burundi kugira aruserukire mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije yo mu kwezi kwagatanu. Ariko umurwi ujejwe amatora ukaba wamushize mu murwi wabazanye amadosiye adakwiye mu kwitoza murico kibanza.

Domitien Ndayizeye akavuga ko bamwankiye bamubwira ko yazanye amadisiye y’abamwishinze adakwiye ko yari 159 hako kuba 200. Domitien Ndayizeye wewe akavugako yazanye amadosiye yabamwishinze ashika 208. Domitien Ndayizeye akavuga ko naho bari kumutuma amadosiye 5000 ko yari kuyazana nkumuntu yarongoye igihugu c’Uburundi.

Uyo yahoze arongoye Uburundi akavuga ko agiye kwutura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira imurenganure  ati kuko hari abantu benshi bashaka kumuha amajwi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments