UBM News ads

Igihe ‘Samuragwa’ wa CNDD-FDD ahabwa inka zirenga 60 abandi bakabibona nabi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu wo mu mugambwe CNDD-FDD, ariwe Evariste Ndayishimiye, ariko avugwa cane ko ‘yihariye urubuga rwa politike’ muri kino hegereje amatora.

Uwo bita cane ‘Samuragwa’ muri CNDD-FDD, Evaritse Ndayishimiye, amaze ‘kugabirwa’ canke guhwabwa inka zishika 66 kuva atangajwe ko ari umukandida wa CNDD-FDD mu matora y’umukuru w’igihugu.

Hari umwanditsi uwmwe kuri Twitter yabajije ati: “None ko amaze guhabwa inka 66, mu mezi abiri asigaye imbere y’uko amatora aba azoba amaze kuronka zingahe?”

Evariste Ndayishimiye batazira Neva kandi aravugwa ko ariwe ahabwa ikibanza kinini ku rubuga rwa politike mu Burundi mu kwirengagiza abandi bakandida.

Gaston Sindimwo, uwegereye cane CNDD-FDD yaraye nawe agaragaje ‘akababaro’ ko Iradiyo nkuru y’igihugu, RTNB, nayo ikavya mu guha gusa ikibanza ca politike umukandida umwe gusa wa CNDD-FDD.

Ivyo Gaston Sindimwo akaba yabibwiyte Iradiyo Ijwi rya Amerika aho yiyamiriza ico abona ko ari ‘ukwirengagiza’ abandi bakandida mu matora y’umukuru w’igihugu yitezwe mu kwezi kwa gatanu.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments