Ivyo bikaba vyavuye ku muriro wadutse wadutse mu kibanza bavomeramwo igitoro muri zone ya Kamenge. Aho hakaba hari igihe c’isaha zitanu zijoro aho uwo muriro waduka. Imiduga irara aho hantu munani ikaba yaciye ifatwa irasha iyindi nayo yarashoboye kurokoka kuko beneyo baciye baza bariruka kuyihakura.

Igipolisi kijejwe kuzimya imiriro naco nyene caciye kinyaruka kuzimya kuko iyo kidashika kare ibintu vyari kuhatokombera duhereye kw’ibanki BANCOBU ifatanye niryo vomero ry’igitoro hamwe n’amazu ahegereye.
Kur’’uyu wa gatanu ubushikiranganji bujejwe amasoko ntanganguvu bukaba bwaciye busohora itangazo rihagarika kubika imiduga kuma station y’igitoro aho usanga nyinshi ariho zirara kuko uhasnga ico gitoro nyene n’abafundi bazikora n’abazoza. Benshi bakavuga ko iyo ngingo yaje itevye kuko igitoro gishobora guturira iyo miduga umwanya uwariwo wose.





Recent Comments