Mu gihe igiciro cashinzwe na Leta c’isima ikorwa n’ihinguriro BUCECO rikorera mu ntara ya Cibitoke ari 24 500 Fbu, ku masoko menshi nka yose yo mu Burundi isima iguma izimvye. Aho ni mugihe hamwe igurwa 28 000 Fbu ahandi ikagurwa 27 500 Fbu aho ni nko mu masoko yo muri mairie ya Bujumbura, Giteka n’i Muyinga.

Abadandaza iyi sima bakavuga ko nabonyene bayirangura izimvye kandi bakayironka bigoranye ibiciro vyamaze kuduzwa. Abo badandaza bakavuga ko abarangura iyo sima mw’ishirahamwe Buseko babaye benshi batazwi bose bakaba barondera inyungu. Abarongoye intwaro nabo bakavuga ko batazi igitigiri c’isima kigenewe intara yose kiva mw’ihinguriro BUCECO.
Abakeneye isima nabo imyidogo ni myinshi kuko benshi baca bahagarika kubaka kuko isima izimvye bagasaba ko abarangura isima muri BUCECO bomenyekana naho bakorera nka kurya vyakozwe ku sukari. Mwomenya ko Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, yari yamenyesheje ko uwuzobona yadugije igiciro c’isima azoce ashengezwa ariko abadandaza bobo bakavuga ko bayirangura izimvye.





Recent Comments