UBM News ads

Petro Nkurunziza avuga ko ata butunzi afise hanze y’igihugu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu kiganiro n’abanyagihugu mu gisagara ca Gitege, umukuru w’igihugu yishuye Abarundi n’amakungu ko ata Butunzi afise hanze y’igihugu nk’uko bamwe bavyibaza.

Nkurunziza akaba yari yabajijwe ikibazo ko hoba hari abategetsi mu butegetsi bw’iwe bafise ubutunzi burenze urugero muri iyi myaka 15 iheze canke mbere wewe ko yoba afise ubutunzi hanze y’igihugu yoba yaranyegejeyo.

Ku kibazo yabajijwe ko yoba afise ubutunzi hanze y’igihugu, nk’uko vyigezwe gushirwa ahabona na Panama Papers(ikigo kijejwe gutohoza uko abategetsi bamwe bamwe b’isi batwara kubika ubutunzi mu bindi bihugu, Nkurnziza yavyamiriye kure cane.

“Nimba jewe ubwanje mfise ubutunzi bwanje hanze y’igihugu c’Uburundi, ndatanze uburenganzira jewe nyene ko bwofatwa“, niko Petero Nkurunziza yishuye Abarundi n’amakungu.

Ici kiganiro kikaba cabereye mu ntara ya Gitega kuva isaha zitatu zo mu gitondo gushika isaha 6 z’umurango.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments