UBM News ads

OLUCOME ivuga ko ideni Uburundi bufise riguma riba rinini

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

OLUCOME ivuga ko ideni igihugu c’Uburundi gifise riguma riba rinini cane maze bigatuma bamwe bahagarika imitima ko igihugu gishobora kwinjira mu kaga gakomeye.

Nkuko bishirwa ahabona, kuva mu mwaka wa 2016 ideni igihugu c’Uburundi gifise ryavuye ku miliyaridi 700 y’amarundi(nka 500 million US$) rija ku miliyaridi 2 753, 5 mu mfaranga y’amarundi( nka 1 million US$) mu mwaka wa 2019.

Muri iryo tamgazo, OLUCOME imenyesha ko igiturire kibandanya ciyongera cane ku musi ku musi maze bigatuma leta ihabonera.

Kubera kandi ugusesagura ubutunzi bw’igihugu, igihugu c’Uburundi cabandanije gifata amadeni kugira hazibirwe ikinogo cavuyemwo amafaranga y’agaciro(ayaharurwa ku mamilioni arenga 300 US $) yahora azanwa na ya amashirahamwe mpuzamakungu yirukanwa mu Burundi.

Nk’uko OLUCOME ibishira ahabona, impamvu nyamakuru yiryo deni ry’imurengera ni intureka zatanguye kuva mu kwezi kwa kane 2015, izatumye haba umubano mubi hagati y’Uburundi nabahora babufasha.

Ikindi kandi comenywa kimaze kuja ahabona, nuko ubu ikigega c’amafaranga y’agaciro($ na Euros) muri banki nkuru y’igihugu kiriko kigabanuka cane mu kigega.

Ibiharuro vyerekana ko hasigaye gusa amamiliyoni y’amadolari 70 US$ muri uno mwaka wa 2019, ariko mu myaka yahera nka za 2015 hari imiliyoni zirenga 300 z’amadolari yabanyamerika mu kigega ca leta y’Uburundi.

Ivyo vyose birashobora gutuma igihugu kibandanya kija mu bukene butagira izina nk’uko vyama bishikira ibindi bihugu hama leta zikareka nko guhemba abakozi nk’akarorero hama ibikorwa bikorerwa abanyagihugu bigahagarara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments