Ibihuha vyinshi vyazindutse ku mbuga ngurukana bumenyi kur’uyu wa kane ko Umukuru w’igihugu ca Amerika yoba yakombowe n’inama nshingamateka yico gihugu cambere gitunze kw’isi. Ariko suko bimeze kuko inama nshingamateka y’abanyamerika ishaka gushikiriza ico kibazo co gukombora Président Donald Trump inama nkenguzamateka biciye mu matora.

Ivyo bikazoba bibaye ubugira gatatu aho ivyo bisabwe mu myaka irenga amajanabiri hatowe ibwirizwa nshingiro ry’abanyamerika aho hari mu mwaka w’i 1789. Nkuko bivugwa n’ikinyamakuru Le Monde amatohoza yakozwe n’abashingamateka baba démocrates yararangiye, ayo matohoza ashira ahabona ibirego barega Président Donald Trump akaba yari yatanguye mu kwezi kw’icenda.
Hagiye rero kuba guhanahana ivyiyumviro mu nama y’abashingamateka izomara amasaha atandatu izokurikirwa n’amatora. Iyo nama nshingamateka irmwo abo mu mugambwe waba démocrates 233 kuri 197 baba républicains umugambwe uturukamwo Président Donald Trump.
Président Donald Trump akaba yagirizwa gukoresha nabi ubutegetsi no kuburabuza ibikorwa vy’abaserukira abanegihugu, ariyo Congres. Iyo nama y’abashingamateka ikaza gutangura inyuma y’isaha zitandatu zo kumurango wo kur’uyu wakane inyuma yaho haza kuba amatora ariko abashingateka baba républicains bakaba bashigikiye Président Donald Trump.





Recent Comments