UBM News ads

Malawi: Amabutike y’Abarundi baba muri ico gihugu yaraturiwe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihugu ca Malawi, Abarundi baba mu gace ka Kasungu baratuririwe ama boutike yabo kubera ukwihora kwakozwe n’aba nya Malawi babahora ko imbwa y’Umurundi aba ngaho muri ako gace yariye yongera irica umwana waho Malawi.

Mu makuru dukesha ikinyamakuru caho i Malawi, Nyassa Times, abapolisi barahanganye ejo ku wa 17 Kigarama 2019 n’abasangwa bari bafise ishavu ryinshi cane kugira bihore,ivyatumye haba uguturira n’ikirindiro c’Abapolisi muri ako karere.

Ivyakurikiye n’uko abo banya Malawi bo muri ako karere baciye bihereza amabarabara maze bariba, barasambura bongera baraturira amazu y’ubundanadaji yakoreshwa nabo Barundi muri Malawi.

N’uko Nyassa Times ibishira ahaboa, ngo iyo mbwa y’umurundi yarariye mbere n’ibhimba vy’uwo mwana wabo yari afise imyaka itanu.

Ako gace kaciye kugarizwa n’igipolisi kugira ngo abantu ntibabandanye bakajamwo kubera imigumuko.

Abanyamahanga harimwo n’Abarundi baba muri za Malawi, Zambia na za Afrika y’epfo barukunze kubangamirwa n’ibitero vyabasangwa aho babiba utwabo bagasigara bifumbereje.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments