UBM News ads

Imishamirano irabandanya hagati y’abari mu migambwe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ku musi w’Imana nkuko amakuru ava mu ntara ya Ngozi muri komine Marangangara, haradutse imishamirano haragati y’abanywanyi b’umugambwe CNL n’ab’umugambwe CNDD-FDD. Abanywanyi b’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa bakaba bari bavuye kugurura ingoro y’umugambwe muri komine Marangara.

Mu nzira batashe abanywanyi b’uyu mugambwe muri komine Kiremba niho bahura n’abo mu mugambwe CNDD-FDD baca baratana mu mitwe. Hakaba harabaye abakomereka baca bajanwa mu bitaro vy’i Kiremba. Ariko bukeye amakuru ava aho muri komine Kiremba akavuga ko haciye hatangura uruhigi rw’abanywanyi b’umugambwe CNL, batanu bakaba bamaze gufatwa barafungwa.

Kur’uyu wagatatu naho niho hahambwa muri komine Nyabiraba umunywanyi w’umugambwe CNL azwi kw’izina rya Ntahondabasigiye Désiré. Akaba yarashwe kumusi wagatanu n’abantu bataramenyekana. Umukuru w’umugambwe CNL akaba yarahishikiye gufata mu mugongo umuryango wabuze.

Mu kiganiro yahaye abashingamateka kur’uyu wambere, icegere ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, aremera  ko hari imishamirano hagati y’abanywanyi b’imigambwe bamwe bamwe, akaba yishuye ko ivyo biva ku batware batoto bashaka kuguma ku butegetsi, ati ariko kubatware bo hejuru bari mu migambwe ntangorane zihari. Gaston Sindimwo arasaba ba buramatari kugurisha amanama kabiri mu ndwi kugira bige ico kibazo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments