UBM News ads

Ubundi bunywero bwugawe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma y’ububare Campero Club na Mutima Resto Bar, ubundi bunywero buhejeje kugarwa kur’uyu wambere ikiringo c’indwi 2 n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura kubera ukutubahiriza amasaha yo kugurura no kugara ubunywero mu gisagara ca Bujumbura.

Ubwo bubare akaba ari Confiance Resto Bar (Kwa Ntiba) et Impérial Bar, Guella plaza ( kamenge), Treibeka ( kinama) et chez Damas ( Cibitoke). Bihejejwe gushikirizwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.

Mur’ico kiganiro, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa yamenyesheje ko ata bimwe bita couvre-feu birahari mu gisagara ca Bujumbura, ngo ahubwo iyo ngingo yafashwe kumvo z’ubutunzi, n’amagara y’abantu n’imiryango. Ngo rero amabutike, utuguriro turi mu makaritiye twaciye dusubirira utubare ngo natwo nyene tuzofatirwa ibihano vy’amande canke kugarwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments