UBM News ads

Agasozi Sabanerwa koba kasubiye i Burundi ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Aho ni nyuma y’imvura yaguye kur’uyu wa gatatu mu ntara ya Ngozi aho ako gasozi kari kumupaka Uburundi buhana n’Urwanda muri komine Mwumba. Haraheze imyaka ishika itatu uruzi Kanyaru ruhinduye inzira ruca inyuma y’ako gasozi Sabanerwa, igihugu c’Urwanda kica kivuga ko uwo musozi ari uwabo.

Ivyateye impari nyinshi hagati y’Uburundi n’Urwanda mbere n’ingabo ziragomorwa ariko ivyo bihugu uko ari bibiri vyahisemwo kugira ibiganiro bakurikije ibicapo bisanzwe bihari. Eka n’ababa kurako gasozi babarundi baciye birukanwa n’ingabo z’Urwanda.

Kur’uyu wagatatu rero uruzi Kanyaru rwoba rwasubiye guhindukira ruca aho rwahora ruca nkuko amakuru menshi ava aho hantu abivuga. Ivyo bikaba vyavuye ku mvura nyinshi imaze imisi irwa mu karere k’ibiyaga binini.

Abayobozi b’ivyo bihugu bakaba ataco barabivugako mu gihe icuka atari ciza muri kino gihe hagati y’Uburundi n’Urwanda bivuye ku gitero cabereye i Mabayi mu ntara ya Cibitoke itariki 17 munyonyo gihitana abasirikare barenga cumi b’abarundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments