UBM News ads

Anicet Niyonkuru aritezwe i Bujumbura

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nkuko amakuru dukura ku mbuga nkurukana bumenyi abivuga, umuvugizi w’urunani CNARED, Anicet Niyonkuru yoba yafashe indege agana m’Uburundi. Aho ni munyuma yaho aziye i Bujumbura kuraba ko umutekano wiwe ukwiye araheza arasubira inyuma atawumukomakomye mu gihe kitarenga ukwezi yaramaze mu gihugu ahanini mu gisagara ca Bujumbura.

Izo nkuru nyene zikavuga ko Anicet Niyonkuru asanzwe arongoye umugambwe CDP azananye n’abandi banywanyi b’urunani CNARED bashika 15 mugihe abari biyandikishije gutaha bavuga ko barenga gato 50. Aho hakaboneka ko hakiri ubwoba bwo gutaha m’Uburundi kubanyepolitike bahunze igihugu inyuma y’intureka zadutse mu mwaka wa 2015.

Ivyo bibaye inyuma y’inama y’abarongoye urunani CNARED yabereye mu gihugu c’Ubuganda mu kwezi kwa cumi aho berekanye ko bashaka kuja mu matora yo mu 2020 ariko bagifise intambanyi y’umutekano wabo no gutunganya imigambwe yabo ku rubuga rwa politike m’Uburundi.

Urunani CNARED rukaba rutaragira ico ruvuze kur’iryo taha ry’umuvugizi warwo ariwe Anicet Niyonkuru ko aje aserukira urunani CNARED canke aserukira umugambwe wiwe CDP.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments