UBM News ads

Tanzania yasinye amasezerano n’Uburundi na Kongo yo kwubaka ibarabara ry’indarayi(chemin de fer)

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Tanzania yasinye amasezerano n’Uburundi na Kongo yo kwubaka ibarabara ry’indarayi(chemin de fer) rizova muri Tanzania rigaca mu Burundi gushika mu gihugu ca Kongo.

Iryo barabara ry’indarayi rikaba ryitezwe kuva mu ntara ya Kigoma muri Tanzania ahitwa i Uvinza gushika mu ntara ya Gitega riciye muri komine Musongati mu ntara ya Rutana, niko The East african imenyesha.

Tanzania ikaba yasinye ayo masezerano n’igihugu c’Uburundi na Kongo, ayazotuma hakoreshwa amafaranga amamiliyaridi y’amadolari kugira ngo iryo barabara ry’itereni ritangure gukora, irizova i Gitega ritera rija mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Abashikiranganji batatu ba Tanzania, Uburundi na Kongo bakaba basinye ayo masezerano mu ntara ya Kigoma mu burengero bushira uburaruko bwa Tanzania.

Igice ca mberre citezwe kwubakwa kuva i Uvinza i Kigoma gushika mu ntara ya Gitega riciye i Musongati kizoba kingana na 240 km nk’uko ayo masezeano avyerekana.

Iyo nzira ikaba igiye kworohereza cane ibihugu vya Tanzania n’Uburundi na Kongo mu bijanye no guhanahana ibidandazwa no kwiyunguruza.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments