Inyuma y’abanywanyi b’umugambwe CNL bo mu ntara yya Ngozi bahagurutse bararya umutima amenyo baramenyesha aho bahagaze, mu kuvuga ko bazotora Rwasa Agathon, ubu naho abanya Mwaro nabo bahagurutse.
Mu masamanu ya video yagiye ahabona, abanywanyi b’umugamwe CNLbo mu ntara ya Mwaro nabo bagarara bariko baririmba biruka bavuga bati ‘Twarabahinyuye, tora Rwasa‘.
Ayo majambo ngo twarabahinyuye asobanura ko naho bahora munsi y’intwaro ya CNDD-FDD, ubu barabona ko hageze ko ibintu bihinduka.
Mu yandi majambo abo banya Mwaro bavuga ni nka ‘iyo menya ko Rwasa ariho sinari gutera amavoka’, bisobanura ko ku ntwaro ya CNDD-FDD naho bateye amavoka menshi ataco vyabamariye.
Amatohoza amaze gukorwa yerekana ko abanywanyi ba CNL mu ntara zitari zike z’UBurundi bapfungirwa ubusa, baricwa, baranyuruzwa bagapfungirwa ahantu hatazwi, baraborezwa igufa, barafatwa ku nguvu, barabomorerwa amazu, bararenganywa.
Mu ntara ya Ngozi biramaze kuja ahabona ko abanywanyi bamwe ba CNL baciriwe umunyororo w’imyaka 10 kubera bagize uruhara mu gushira ivyiyumviro vyabo ahabona.
Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko uko abanywanyi ba CNL babandanya batotezwa ariko abandi bantu babandanya bisukira muri uyo mugambwe, maze bigakomeza umwiyemezi wabo.
Rabo hano amasanamu yafashwe ny’abanya Mwaro muri Komine Nyabihanga dukesha Urunani rw’Ibimenyeshakuru:





Recent Comments