UBM News ads

Urunani CFOR-ARUSHA rubona ko ibiganiro bikenewe cane

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Urunani rw’abatavuga rumwe na leta, CFOR-ARUSHA(Coaltion des Forces de l’Opposition Burundaise pour le Retablissement de l’Accord d’Arusha) rubona ko umuti nyawo wo kurokora Uburundi ari ibiganiro bidakumira kandi bihurikiyemwo bose.

Urwo runani CFOR-Arusha rukaba rurongowe na Jeremie Minani, umwe mu batavuga rumwe na leta azwi cane kandi aba hanze y’igihugu.

Mu rwandiko bashira ahabona, bamenyesha ko ibiganiro bidakumira arivyo nyamkuru maze Abarundi bakicarana bakabwizanya ukuri kugira ntihabandanye haba indyane za politike no mu kibano.

CFOR-Arusha kandi imenyesha ko mu gihe Abarundi bokwicara hamwe bakayaga vyotuma hatabadanya haba ibitero biza vyerekezwa ku basirikare b’Uburudni n’Abarundi.

CFOR-Arusha ikaba isaba ko hatoba ukwigira Sindabibazwa kw’intwaro ya Gitega maze hagatorwa umuti ku kibazo c’Uburundi.

Raba hano hepfo itangazo rya CFOR-Arusha yasohoye:

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments