UBM News ads

Ingingo z’umutekano zishasha zafashwe mu gisagara ca Bujumbura

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Izo ngingo zikaba zavuzwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, kuri radio Isanganiro. Izo ngingo zikaba zafashwe inyuma y’igitero gikomeye cabaye muri komine Mabayi mw’ijoro ry’itariki 16 zishira 17 za munyonyo. Hakaba harasize ubuzima abasirikare b’abarundi igisirikare kivuga ko bangana 9 n’abandi bakomeretse.

Izo ngingo z’umutekano zigasaba banyene ububare kugurura isaha 11 gushika isaha 3 zijoro mu ndwi hagati nayo musi yaturuhuko ni kugurura kuva isaha 7 z’umurango gushika zitatu z’ijoro. Abafise imanza nabo bategetswe kuba bazimaze isaha zitatu zijoro.

Ariko umukuru w’igisagara ca Bujumbura yavuze ko ivyo biterekana ko umutekano udakwiye mu gisagara ca Bujumbura ariko ngo zivuye kumvo z’ubutunzi. Ubwoba rero bukaba butekeye abanyagisagara aho bibaza icatumye izo ngingo zifatwa.  Imiduga y”amapick up yuzuye abapolisi ikaba yibonekeza mu gisagara ca Bujumbura inyuma yisaha zitatu zijoro mu ntumbero yo kuahiriza iyo ngingo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments