UBM News ads

Abanyamakuru ba Iwacu bagirijwe ‘gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu’

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abanyamakuru ba Iwacu bagirijwe ‘gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu’ maze bakaba bahavuye bimurirwa mw’ibohero rikuru rya Bubanza.

Abo banyamakuru bakaba bagirijwe na leta y’Uburundi ko bashatse guhungabanya umutekano w’igihugu(atteinte a la securite de l’Etat) mu gihe bari bagiye gutohoza ku mirwano yabaye hagati y’ingabo za leta hamwe na RED Tabara.

Umushikirimanza mukuru wo mu ntara ya Bubanza, Clement Ndikiriyo, akaba yamenyesheje ko abo ‘banyamakuru bane ba Iwacu bakoranye n’abateye ingabo z’igihugu mu gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu’.

Abo banyamakuru bakaba bafunzwe mu mirere mibi cane ahobafungiwe mu ntara ya Bubanza.

Amakungu abadanya asemerera ko abo banayamakuru borekurwa ata kirinze gusabwa, nk’uko Reporters sans Frontieres na Human Rights Watch babimenyesheje.

Mwomenya ko ibinyamakuru vy’i Bujubura no mu Burundi hose nka vyose ‘biri mu gacerere kadasanzwe’ aho kuvugira ‘benewabo’ ngo barenganurwe.

Iwacu ikamenyesha ko ibinyamakuru ‘vyegereye cane ubutegetsi’ nka vyose, uretse Yaga Burundi na Isanganiro(naho ivuga itinyatinya), vyahisemwo kwigira sindabibazwa ku mabi abo banyamakuru benewabo bariko barabona.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments