UBM News ads

Imimerere Abanyamakuru ba Iwacu bafunzwemwo irateye agahinda

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imimerere Abanyamakuru ba Iwacu bafunzwemwo irateye agahinda nk’uko ico kinyamakuru nyene kibimenysha.

Abo bamenyeshamakuru ba Iwacu bashika kuri bane n’umushoferi wabo baka ba bafatiwe mu ntara ya bubanza bagiye gutohoza uko imigwano yahuje ingabo za leta na Red- tabara yagenze, hama baca barafatwa.

Gushika uyu musi wa gatanu bari mu gasho, ahantu bafungiwe harateye agahinda.

Nk’uko Iwacu ibimenyesha, gushika ubu nta n’amazi yo kwiyoga bararonswa, na rirya harimwo abakenyezi babiri kandi bizwi ko bakenera kwisukura ku mwanya kumwanya.Iwacu ikamenyesha ko abo banyamakuru bayo baryama ahantu habi kandi hasi, bakabwirizwa gusangira itwalete nabandi bafungwa. Hama ikibanza bafungiwemwo kikaba cuzeyemwo inda n’ibihere.

Abategetsi nubu ntibarshira ahabona ivyagira abo banyamakuru uretse kuvuga ko ari ‘dossiye iriko irabandanya’.

Mwokwibuka ko mu myaka yaheze umunyamakuru wa Bonesha FM, Hassan Ruvakuki, yigezwe gutabwa mu mvuto yagiye mu ntara ya Cankuzo gutohoza ku gitero caricakozwe n’abitwaje ibigwanisho ku ngabo z’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments