Mu mugambwe uri ku butegesti, CNDD-FDD, hariko havugwa amakuru atanduyanye yo kwicamwo ibice mu bategetsi bakuru bakuru muri uyo mugambwe.
Amakuru ariko aravugwa cane ni inkuru yo gufungwa icamaso y’Umushikiranganji w’umutekano (Mutama 2) hamwe n’abamwegereye.
Mu makuru ashirwa ahoba n’ikinyamakuru kimwe amenyesha ko hari ukurabana nabi hagati ya Mutama 1 na Mutama 2.

Mutama 2 akaba yagirizwa gukorana nabagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015.
Abavugwa baza kwisonga bariko bakorana na Mutama 2 ni Pontien Gaciyubwenge(uwahora ari umushikiranganji wo kwivuna abansi imbere ya coup d’etat ya 2015).
Uwundi avugwa ni Godefroid Niyombare ko ariko akorana na Mutama 2, uwagiye kwisonga mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa CNDD-FDD mu mwaka wa 2105.
https://twitter.com/albcontact/status/1184076933124050949?s=20
Kurikirana hano ano majwi ariko akwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi wumve iryo bombora bombora mu mugambwe uri ku butegetsi:





Recent Comments