UBM News ads

Haraciye imyaka 19 hateweko igikumu Amasezerano ya Arusha

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Haraciye imyaka 19 hateweko igikumu Amasezerano ya Arusha

Ibiganiro vyashitse kur’ayo masezerano ya Arusha bikaba vyatanguye itariki 21 Ruheshi 1998 bija kurangira itariki 28 Gitugutu 2000 aho ayo masezerano yategwako igikumu. Ivyi biganiro hagati y’abarundi bikaba vyari bihagarikiwe n’abahuza Mwarimu Julius Nyerere hamwe na Nelson Mandela bahoze barongoye ibihugu vya Tanzania na Afrika Yepfo. Eka n’ibihugu vy’abakarere n’amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU n’Ubumwe bwa Afrika vyarafashije cane kugira ayo masezerano ashikweko. Imigambwe 17 yakorera mu Burundi ico gihe ikaba ariyo yitavye ivyo biganiro.

Nancy Ninette Mutoni avugira umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko uwo mugambwe uri kubutegetsi washize mu ngiro ahanini ayo masezerano aho ibice vyinshi vy’ayo masezerano ubisanga mw’Ibwirizwanshingiro. Ku kibazo caho ayo masezerano yashizwe inyuma y’Ibwirizwanshingiro ryatowe mu mwaka uheze wa 2018, Nancy Ninette Mutoni avuga ko Ibwirizwashingiro ariryo rikomeye kuko ryemezwa n’abarundi bose.

Mutabazi Jean De Dieu arongoye umugambwe RADEBU, umwe mubari mur’ivyo biganiro, aremeza ko amasezerano yamaze akamaro kanini mu kugarukana amahoro inyuma yigandagurwa rya Président Melchior Ndandaye. Ariko akabona ko hari hakwiye ko hazamwo abariko baragwana mur’ico gihe. N’uwahoze arongoye igihugu Président Sylvestre Ntibantunganya nawenyenyene yagiye mur’ivyo biganiro aremeza ko ayo masezerano yakuye gukumirana bifatiye ku moko n’intara, ati ayo masezerano kandi yarafashije mu gutanguza ibiganiro n’imigwi yagwana.

Mwomenya ko ayo masezerano yahaririwe ko cane hageze mu matora yo mu 2015 gushika aho haduka imyiyerekano bivanye kukutumvikana ku biringo vy’Umukuru w’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments