Impunzi z’Abarundi ziba mu gihugu ca Tanzania zirafise Ubwoba bwo guhungurwa ku nguvu kuva ku wa 1 Gitugutu 2019 inyuma y’urugendo rw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu mu nkambi ya Nduta na Mutendeli.
Urwo rugendo rwa Pascal Barandagiye hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati muri Tanzania, Kangi Ndege Lugola, rwateye uwobva cane impunzi z’Abarundi ziba mu gihugu ca Tanzania ko zishobora guhungurwa kunguvu cane mu misi iri imbere.

Amakuru amwe amenyesha ko Pascal barandagiye na Kangi Ndege Lugola basinye amasezerano yo gutangura guhungura impunzi z’Abarundi ziri i Tanzania zaba zibishaka canke zitabishaka.
#Nduta_Refugees, le comportement du #Ministre de l'intérieur du #Burundi, #Pascal_Barandagiye à #Nduta, a causé une Peur panique dans ce camp , ces réfugiés s'inquiètent de leur #securité. @Refugees @RefugiePlume @ChangeTanzania @AUC_MoussaFaki
— Joe Philbert Karangwa (@joe_karangwa) August 24, 2019
Isoko ry’iyi nkuru rikabandanya rimenyesha ko abarundi bashika ibihumbi bibiri bitezwe guhungurwa ku nguvu kuva ku wa 1 Gitugutu 2019 biciye kuri ayo masezerano yasinywe na Pascal Barandagiye na Kangi Ndege Lugola.
Mwomenya ko hari impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi amajana atatu mu gihugu ca Tanzania mu makambi atatu ariyo Nyarugusu, Nduta na Mtendeli.
Ariko ibi bitigiri vya HCR ntivyemerwa na leta y’Uburundi.





Recent Comments