UBM News ads

Abanyeshure batabuye uniforme bahawe igihano co kwerekanwa kuri television

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyavuye mu nama nshikiranganji yo kur’uyu wagatanu irongowe n’Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, aho yiga ikibazo c’abanyeshure batabuye impuzu bajana kw’ishure mu gihe bari bahejeje ikibazo kirangiza amashure yisumbuye.

Bamwe mu bayobozi b’amashure babonye kumasanamu ngurukana bumenyi abanyeshure bajejwe batabuye impuzu zo kwishure baciye bafata ingingo yo kwima impapuro zirangiza amashure yisumbuye kubera iyo ngendo. Umushikiranganji w’indero, Dr Janviere Ndirahisha, akaba nawe yaciye yiyamiriza iyo nyifato akamenyesha abo banyeshure ko batarangiza amashure no kumenya ko bamenye batarabimenya.

Inama nshikiranganji yaciye isaba ko abo banyeshure bokwerekanwa kuri televiziyo y’igihugu kugira n’abandi banyeshure bari inyuma yabo ntibazosubire gukora ivyo bintu vyo kwitaburirako impuzu. Jean Claude Karerwa, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, akavuga basanze kubima impapuro zirangiza amashure yisumbuye yoba ari igihano gikaze cane.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments