UBM News ads

Ubwicanyi buhiga banyamwema bwoba bwasubiriye ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kur’uyu wa gatandatu mw’ijoro ikiziga c’umwana w’umunyamwema yitwa Bonheur Niyonzima afise imyaka 15 mu ntara ya Cibitoke muri Mugina. Akaba yatowe hafi y’uruzi Rusizi rugabura igihugu ca Congo n’Uburundi.

Uwo mwana aka yishwe nabi kuko yatemaguwe ibihimba vyiwe abo bicanyi baca batwara ukuguru ukuboko vy’iburyo n’ururimi rwiwe nkuko bivugwa na Kassim Kazungu arongoye ishirahamwe Albinos Sans Frontière aho yiyamiriza ubwo bwicanyi butagira izina.

Banyamwema bakaba bahigwa cane mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika kuko ibihimba vyabo bironderwa kugira bikoreshwe mu vy’abapfumu. Ikiziga c’uwo mwana Bonheur Niyonkuru catowe haheze iyinga n’abarovyi kumugoroba isaha 12 muri komine Rugombo.

Uyo mwana akaba yaciye ahambwa uwo musi nyene n’ishirahamwe Croix Rouge abategetsi bakaba bari bahashitse ariko ntibarashobora kumenya uwakoze iryo bara.  Kazungu Kassim akaba asaba ko amatohoza yokorwa kubapfumu bose bo mu Burundi kandi Umukuru w’igihugu agatangaza ikigandaro c’imisi itatu kugira bose barwanye ubwo bwicanyi. Mwomenya ko abanyamwema barenga 20 bishwe kuva mu mwaka w’i 2008.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments