Ingoro y’umugambwe CNL wa Rwasa Agathon iri mu ntara ya Bujumbura, beshi bita rural muri komine Nyabiraba yaraturiwe ku musi wa gatandatu n’abantu bataramenyekana.
Iyo ngoro ya CNL ikaba yaturiwe n’inkozi z’ikibi igihe vyari vyitezwe ko yinjirwa icese ku mugagarago ku musi wa mungu ejo itariki 16 Ruheshi 2019.

Umugambwe CNL ukamenyesha ko ubabajwe n’ico kibi,maze ukibaza impamvu ivyo biba kandi mu gihugu haririmbwa ukwishira n’ukwizana mu bijanye na politike.
Ikinyamakuru SOS Media Burundi kikaba camenyesheje ko iyo ngoro y’umugambwe CNL yaturiwe n’abantu bari baje bitwaje ibirwanisho bambaye impuzu z’igipolisi.
Ico kinyamakuru kikamenyesha kandi ko abo bambaye impuzu z’igipolisi baciye baboha abari bacunze iyo ngoro ya CNL maze baca baraturira iyo nyubakwa ya CNL.
#Burundi La Permanence provinciale du Parti #CNL de Bujumbura a été sérieusement endommagée et carcinée. C'est une honte pour le pays où la Constitution reconnaît le multipartisme. pic.twitter.com/Ddp9HeijqZ
— CNL Burundi (@BurundiCnl) June 16, 2019
Iyo ngoro ya CNL ikaba yari yageragejwe guturirwa imbere yaho incuro imwe, ariko uwo mugambi mubi inkozi z’ikibi ziza kuwushira mu ngiro ku musi wa gatandatu itariki 15 Ruheshi 2019 buca iyo ngoro yinjirwa ku mugaragaro.
TÉMOIGNAGE : "des hommes munis d'armes blanches accompagnés d'hommes en uniforme policière ont ligoté les sentinelles et d'autres membres du CNL qui avaient décidé d'y veiller. Ils ont par la suite procédé à sa démolition et y ont mis le feu" responsables du #CNL#BurundiCrisis https://t.co/f128WDAwI2
— SOS Médias Burundi (@SOSMediasBDI) June 16, 2019





Recent Comments