UBM News ads

Abaganga barenga 360 bavura malaria baregerejwe abenegihugu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo ni vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu no kurwanya Sida, muganga Thadée Ndikumana, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatandatu. Muganga Thadée Ndikumana yamenyesheje ko mugihe aba baganga 360 begerejwe abanyagihugu bategereye ibitaro abagwayi bashika 200.000 bashoboye kuca baza kwivuza barashigwa ku miti.

Muganga Thadée Ndikumana akavuga ko uko imisi yahera niko aba bagwayi bagabanuka gushika ku bice 50%. Abo baganga bakaba bajanywe aho malaria yari ibangamiye abenegihugu. Muganga Thadée Ndikumana agasaba abanyagihugu gukoresha neza imisegetera, aho ishaje naho ikaba iriko irasubirizwa nko mu ntara ya Cankuzo.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida amenyesha kandi ko hagiye kuba isekeza ryo gutanga imisegetera ingana imiliyoni 6 kubarundi bose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments