Ivyo vyavuzwe n’umushikiranganji wo gushigikirana, agateka ka zina muntu n’imibano mw’itangazo yasohoye kur’uyu wa gatandatu buca hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafrika itariki 16 ruheshi. Umushikiranganji Martin Nivyabandi akavuga ko gufashiriza umwana mw’ibarabara atari vyiza kuko acaguma asegereza.

Martin Nivyabandi akavuga ko icivugo c’uwu mwaka m’Uburundi kur’uwo musi w’umwana w’umunyafrika ari ‘’ Dushire imbere agateka k’abana mugufasha na ntaryo abatishoboye bahuye n’ivyago bitandukanye’’.
Martin Nivyabandi akavuga ko leta yatanguje isekeza mu mwaka w’i 2017 ryo ryo kurwanya kutitaho abana muvyerekeye indero, ibifungurwa no kwivuza, leta kandi ikaba yarashizeho umusi wahariwe gushigikirana mu kibano, politike yo gukingira abana isubiwemwo hamwe n’igitabo c’amategeko akingira abana kizosubirwamwo naco nyene.





Recent Comments