UBM News ads

Umugambwe FRODEBU urahimbaza imyaka 26 iheze utahukanye itsinzi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihe Umugambwe FRODEBU washinzwe na President Melchior Ndadaye n’abagenziwe wibuka imyaka 26 iheze utahukanye itsinzi mu matora y’Umukuru w’igihugu yo mu 1993, hari itariki imwe ruheshi, umukuru w’umugambwe FRODEBU, Pierre Claver Nahimana yatumyeko abanditsi kur’uyu wa gatanu kugira amenyeshe imigambi cumi uwo mugambwe ugiye kugenderako kugira ugarukane ingendo ya demokarasi n’iterambere.

Pierre Claver Nahimana mur’ico kiganiro yamenyesheje ko mur’iyo migambi cumi uwuza imbere aruwo gusubiza ijambo abanyagihugu kuko hari ingingo nyinshi zifatwa abanyagihugu batabajijwe aho hari nk’intererano z’agasaki saki no guhatira abantu mu mugambwe umwe no gukata amafaranga abakozi bareta.

Pierre Claver Nahimana arashimikira kandi k’ukubahiriza agateka kazina muntu no gutahukana impunzi za politike. Muvy’ubutunzi umukuru w’umugambwe FRODEBU avuka ko umugambwe wiwe uzohimiriza kurwanya ibiturire cane cane abarundarundanya uburunzi bwa Leta bakabugira ubwabo, kurwanya ubukene buzanwa n’ubushomeri bwiraye mu gihugu aho abahejeje amashure bashikira kwicara muhira. Pierre Claver Nahimana aravuga kandi ingene kwivuza bisigaye bigoye kubarundi.

Muvy’indero, Pierre Claver Nahimana avuga ko indero ikwiye kugarukirwa, abanyeshura bakaronswa ubumenyi n’indero vyakanovera abigisha nabo bagahabwa agaciro. Umukuru w’umugambwe FRODEBU akavuga kandi ko Uburundi bukwiye kugarukira imigenderanire bufitaniye n’amakungu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments