Mur’urukino rwahuje Intamba mu rugamba kur’uyu wagatanu Intamba mu rugamba zastinze ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Aigle Noir. Igitsindo cambere kikaba cinjijwe na Cedrik Hamissi kumunota w’indwi, icakabiri cinjizwe na Saido Berahino kumunota wa 42. Saido Berahino akaba ariwe yatowe kuba capitaine w’umurwi serukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba. Igitsindo ca Aigle Noir kikaba catsinzwe na Vyamungu Raoul igice cakabiri gitanguye.

Coach Alain Olivier Niyungeko akaba yamenyesheje ko atanezerejwe niyo tsinzi kuko abakinyi bafashe minenerwe urwo rukino, ati ariko vyamfashije kubona aho duhobahoba tukazoca tuhakosora mu nkino zizokurikira. Umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Intamba mu rugamba ukazoca uja mu gihugu ca Quatar kur’uyu w’Imana. Inkino za CAN 2019 zikazotangura Intamba mu rugamba zikori mu bihugu vy’abarabu.
Abaririmvyi bakaba batari batanzwe gushigikira Intanba mu rugamba aho twovuga nka Hypax, Vichou Love, MB Data na Natacha. Amashirahamwe y’ubudandaji nayo nyene akaba yagumye aterera umuganda mukuronsa uburyo abakinyi aha twovuga nka CAMEBU, INSP, New Oil na Alpha Group. Abaserukiye amadini ya Catholika, Islam na Protestante basabiye imigisha abo bakinyi bagiye guserukira Uburundi muri Egiputa abandi bita Misiri.





Recent Comments