Umukinyi w’umurundi akongera akaba akinira mu gihugu c’Ubwongereza mu mugwi wa Stoke City, yirukanwe muri uyi mugwi kubera amakosa yagirizwa yo kunyonga imodoka ariko aranywa inzoga.
Nk’uko bivugwa na Sky Sports yasubiwemwo na The Standard, uwo mukinyi w’umurundi yafatiwe iyo ngingo inyuma yaho Saido Berahino yankiwe uruhusha rwo gusubira kunyonga imodoka hamwe no gucibwa amande yama pound 75 000£(hafi amarundi imiliyoni 300).

Saido Berahino akaba yari agifitaniye amasezerano na Stoke City gushika mu mwaka wa 2022, ariko ayo masezerano akaba yaciye afutwa.
Isoko ry’iyi nkuru rikamenyesha ko Saido Berahino ariko yiyumvira ivyo kwitwarira mu butungane uwo mugwi wa Stoke City.
Saido Berahino akaba yitezwe gukinira Uburundi mu nkino buca zitangura muri Egypt mu gikombe ca Africa aho Uburundi buzoba bwitavye izo nkino aribwo bwa mbere.





Recent Comments