UBM News ads

Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu amenyesha ko President Nkurunziza atifuza kuba Umwami

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Icivugo c’Igihugu cahahora carahindutse mu ntara no mumakomine yose y’Uburundi. Ubu kuvyibutso nka vyose hakaba handitse ‘’ Imana, Umwami, Uburundi’’. Ico civugo kikaba arico cakoreshwa ku ntwaro yacami imbere yuko ikurwa na capitaine Michel Micombero aho wewe yaciye akura ico civugo acazana icivugo kivuga giti :’’ Ubumwe, ibikorwa, amajambere’’.

Abajejwe intwaro bose bakaba bahawe itegeko ko bategerezwa guhindura ico civugo kikagaruka nka kera uko umwami wambere w’Uburundi yari yaciyumviriye ati :’’ Imana, Umwami, Uburundi’’. Jean Claude Karerwa, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, mu kimenyeshamakuru Iwacu, yamenyesheje ko Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yipfuza ko Abarundi bagaruka ku mico y’abasokuru aho Imana yarifise ikibanza ca mbere nkuko biri no mw’ibwirizwashingiro rishasha riheruka gutorwa mu 2018.

Jean Claude Karerwa akamenyesha ko n’imva ya Rwagasore, Michel Micombero yatwara Uburundi ico gihe, yahinduye icivugo cariko ashirako ico yiyumviriye arico ‘’Amahoro, Ubutungane, Akazi’’. Ivyo bikaba vyaciye bihindurwa bisubizwa uko vyanditswe kera nukuvuga :’’ Imana, Umwami, Uburundi’’.

Kukibazo naho benshi baguma bibaza ko President Petero Nkurunziza ashaka kuba Umwami w’Uburundi, Jean Claude Karerwa arabihakana akavuga ko Umukuru w’igihugu yamaze kuvuga ko atazosubira kwitoza mur’ico kibanza. Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu akavuga ko ivyo yabikoze kugira kahise k’igihugu ntikibagirwe. Nayo ngo abashaka kugarukana intwaro ya cami ngo bazobicisha mu matora nkuko ibwirizashingiro ribibemerera.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments