Kuri uyu musi wa 13 Rusama 2019 niho haheze imyaka ine habaye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi burongowe n’umugambwe CNDD-FDD ku wa 13 Rusama 2015.
Umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe, yazindutse amenyesha ivyiryo geragezwa ryo guhirika ubutegetsi yongera yibutsa uko vyagenze mu gatondo ko kuwa 13 Rusama 2015.
Willy Nyamitwe yamenyesheje ati: “Imyaka ine iraheze, umusi ku wundi habaye igeragezwa ryo guhirika ubutegetsi, iryari ririmwo abagumutsi bamwe bamwe binyegegeza inyuma y’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bafashwe mu mugongo na bamwe mu gisirikare n’igipolisi, bose bafashijwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya biciye ku gihugu c’Urwanda”.
#Burundi #13mai: 4 ans, jour pour jour après la tentative de Coup d’Etat dans laquelle étaient impliqués certains insurgés qui se cachaient derrière la société civile appuyés par quelques éléments de l’armée et de la Police, tous sponsorisés par l’Union Européenne via le #Rwanda. pic.twitter.com/r692KNqH0i
— Amb. Willy Nyamitwe (@willynyamitwe) May 13, 2019
Abagize uruhara muri iryo gerageza ryo gutembaza ubutegetsi bakaba baratanye mu mitwe n’igisoda c’Uburundi maze baratinda baraneshwa gushika naho bamwe muri bo bafatwa bakaba bagifunzwe nka Cyrile Ndayirukiye.
1/ #Burundi #13Mai,jour inoubliable pour les Burundais auquel les insurgés ont tenté de renverser les institutions démocratiquement élues #SansEffet.Prétexte"3e mandat"de @pnkurunziza.Parmi les auteurs de ces acts ignobles figuraient les Soi-disant activistes de la societe civile pic.twitter.com/KipVbR1CIe
— BARIKUNDA Diomède (@badios19881) May 13, 2019
Bamwe bamwe muri abo bagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi bakaba baciye bahunga igihugu.
2/ #Burundi #13Mai Akagwi kari kateguye guhirika ubutegetsi bwitorewe n'abenegihugu bamaze kubonako bibataye kuwamazi baciye bahungira mu #Kinindo inzego zijejwe umutekano n'izo kwivuna abansi zaciye zibasongako zibashirako intoke.Wawundi ngo uworukarisha rwomumwa barabibonye. pic.twitter.com/k0MhAfLXQX
— BARIKUNDA Diomède (@badios19881) May 13, 2019
Leta y’Uburundi ikaba yaciye isohora imitahe mpuzamakungu yo kubahagarika kugira bazanwe mu Burundi bacirwe urubanza n’ubutungane bw’Uburundi.





Recent Comments